Ishirahamwe ry’urukino rwa karate mu Burundi (FEBUKA), rihejeje gutunganya ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kugira ribashikirize aho imyiteguro y’ihiganwa rigira 16 ry’akarere ko hagati (10è édition des championnats d’Afrique de karaté Région Centre), rigiye kubera mu Burundi kuva igenekerezo rya 8 gushika ku rya 12 Mukakaro 2026.

Febuka
Imyiteguro yo kwakira iryo higanwa ry’akarere ko hagati iriko igenda neza cane

Uwurongoye FEBUKA, Sylvain Nzikoruriho akaba yamenyesheje ko imyiteguro iriko igenda neza cane mbere akavuga ko imikangara yatowe kugira izoserukire igihugu c’uburundi yiteguye neza cane kugira izotahukane imidari myinshi. “Hatowe abanonotsi 42 harimwo abakobwa 14 n’abahungu 28 kandi bose turizeye ko batazotumaramaza.”

Nzikoruriho yabandanije amenyeshako ivyo birori bizoba vyatewe iteka n’intumwa zidasanzwe harimwo uwurongoye UFAK (Union des fédérations d’Afrique de karaté), icegera ciwe hamwe n’intumwa y’ishirahamwe rya karaté kw’isi.

Yashimiye cane Leta y’uburundi ku kuntu idahengeshanya gushigikira inkino harimwo ukubategurira imyambaro myiza bazoba bambaye ndetse na CNO kuko nayo nyene izoba yambitse umugwi nserukiragihugu.

Yagiriyeko amenyesha kandi ko abazoronka imidari n’ibibanza vyiza muri iri higanwa ari bo bazoca baserukira igihugu mu yandi mahiganwa atandukanye azoba ku rwego mpuzamakungu harimwo ayazobera i Alger muri Algerie, Pologne hamwe no mu Bushinwa.

Yarangij ashimira cane abamaze kubashigikira agasaba ko amashurahamwe atandukanye kubandanya afasha kugira iryo higanwa rizogende neza. Agatumira rero abarundi n’abarundikazi kuzosidukana n’iyonka kuza gushigikira urwo rwaruka.

Febuka
Abanonotsi batowe ngo bazoserukire igihugu bariteguriye gutahukana imidari

nilsporttv #febuka #ambassadeurdusport

Olivier Nishirimbere

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *