Ibihugu vyo muri Afrika vyitabiriye inkino z’igikombe c’Isi 2026 ntivyorohewe na gato. Mu bihugu 10 vyo ku mugabane w’Afrika vyitabiriye iryo higanwa ririko ribera muri Mexique, Canada na Etats Unis, igihugu kimwe rudende ca #Maroc, nico cashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma, nayo ibindi icenda ( Algérie, Sénégal, Egypte, Tunisie, Côte d’Ivoire, Ghana, Afrique du Sud, RD Congo, Cap Vert) birasezererwa.
Abatari bake bakurikiranye iryo higanwa babona ko ibihugu vyo muri Afrika vyerekanye urugero rwiza eka mbere bagatsinda n’ibitsindo hakiri kare bibaganisha gushika kure, ariko mu mpera z’urukino bikarangira batsinzwe. Aho twovuga nk’igihugu ca #Sénégal caviriyemwo muri 1/16 gishira ica nyuma gitsinzwe na Belgique (2-3), ariko Sénégal ariyo yari yatanguye gutsinda ibitsindo 2 hakiri kare gutyo ico gihugu kirabikuramwo kiraheza kiratsinda n’ikindi ca gatatu kibaha intsinzi.
Ivyabaye kuri Sénégal bisa n’ivyabaye kuri #Egiputa kuko nabo baraye basezerewe mu mpera z’urukino na Argentine mu gice 1/8 gishira ica nyuma (2-3), ariko vyaboneka ko igihugu ca Egiputa gifise amahirwe yo kubandanya kuko bari batsinze ibitsindo 2 ku busa, ariko Argentine yiva inyuma irabikuramwo ishiramwo n’ikindi c’intsinzi.

Uku niko ibihugu bizoca bihura mu gice ca kane gishira ica nyuma :
Maroc 🆚 France
Belgique 🆚 Espagne
Norvège 🆚 Angleterre
Argentine 🆚 Suisse.
Nilsporttv
CoupeduMonde2026
Ambassadeurdusport
Evrard Irakoze