Basket
Abashitsi biyemeje gutez imbere urukino rw’amaboko mu Burundi

Inyuma y’imyaka irenga ine atagarutse mu Burundi, Patrick Bizindavyi arasubiye kugaragara muri basketball y’uburundi.  Uwo mukunzi wa basketball akaba ahejeje gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura azananye n’abashitsi babiri b’inkoramutima cane, Tyrus Thomas, umwigisha wa basketball akaba akorana n’ama Kaminuza atandukanye yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Lakeitha Poole, umukenyezi asanzwe araba ibijanye n’amagara yo mu mutwe y’abakinyi (Psychologue).

Intumbero nyamukuru ibazanye rero kukaba ari ukwitaba ubutumire bw’ishirahamwe ry’urukino rwa basketball mu Burundi (Febabu). Mu bikorwa nyamukuru bazokorana na Febabu mu minsi cumi bazomara mu Burundi hakaba harimwo gufasha abakinyi ba basketball muri rusangi na cane cane abana bakiri bato, kwigisha abamenyereza hamwe n’abahagarikizi. ” Muri make tuje kwishikira ku rubuga kugira turabe ibikenewe vyose hama duteze imbere urukino rwa basketball mbere tuzobandanya turondera n’abandi bakinyi b’abarundi baba hanze y’igihugu kugira dushireho umugwi nserukiragihugu ukomeye. Ni umugambi twihaye w’imyaka itanu kandi tuzobishikako”. Uwo ni Patrick Bizindavyi akaba yaboneyeho akaryo keza ko gushimira abarundi baba hanze y’igihugu bafashe mu mugongo ico gikorwa nka ba Patrice Nzigamasabo ba #Blaise ba Songomwa n’abandi bahoze bakina basketball n’abandi baba ku mugabane wa Buraya batabaye abakinyi.

Muri wa mugambi wo gutez imbere abakiri bato, Patrick Bizindavyi yamenyesheje Nil Sport TV ko bakoranye n’abo bashits hamwe na Febabu bazobandanya gukurikirana abana babiri bati bakabategura ku buryo babaronderera n’ingene boshika kure cane mu bijanye na basketball gutyo hakaboneka abandi ba #AlbertPhilippeNtungicimpaye mu Burundi. Tubibutse ko Philippe ari umwe mu bakinyi bakiri bato baronse akaryo ko kuja kwiga muri Leta zunze ubumwe za Amerika akaba akinira imwe mu ma Kaminuza yo muri ico gihugu muri ino minsi.

Uwundi mugambi ukomeye yashikirije ukaba ari uwo kwubaka ikibuga ca kijambere mu myaka iri imbere.

Olivier Nishirimbere

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *